Ikingire Amanyanga yo mu gisata c’abimukira
Amanyanga abera mu gisata c’abimukira ukwiye kwirinda, n’ingene woyikingira be n’ubusuma bwa viza.
Nimba utegekanya gusaba viza yo kuza muri New-Zealand, irinde abantu bashobora kukunyanganya kugira bakwibe amafaranga canke bakwandikishe mu buzi butandukanye n’ubwo basanzwe batanga.
Hano hasi hari amanyanga ukwiye kwitaho be n’ingene woshobora kuyikingira canke ubusuma bwa viza.
Nimba usanzwe waramaze kuza gukorera muri New Zealand, kandi wibaza ko uriko urafatwa nabi, ntutinye kubaza Igisata c’abimukira ca New Zealand kugira bagufashe.Twebwe hamwe n’ abashinzwe akazi muri New Zealand turashobora kugufasha, ndetse tugafata n’ingingo zikenewe.
Suzuma Ibimenyetso vy’amanyanga.
Niwabona ibi bimenyetso vy’amanyanga, hagarika uce ufata ingingo zisumbuye. Baza ibibazo kandi uce urondera impanuro ku nzego zemewe n’amategeko.
Urashobora kuvugana natwe amakenga yawe.
Uri gusabwa kurihira akazi kawe
Ba maso igihe usabwe kuriha amafaranga kugira uhabwe akazi, rimwe na rimwe vyitwa ‘’amafaranga yo gutunganya dosiye” canke “ kuyishira mu mpapuro”.
Abakoresha bo muri New Zealand ntibashobora kuguca amafaranga kugira baguhe akazi canke ngo bakurihishe ikiguzi bakoresheje batanga akazi. Ivyo birimwo nko kubicishamwo uwundi muntu (umuhuza), hanyuma bakagusaba ko ubariha.
Nimba ukoresha:
- Ikigo kirondera akazi abantu, gira amakenga ku giciro co hejuru bakwaka ubwo nyene. Igiciro c’ikigo kironderera akazi abantuca gitegerezwa guhura na seruvisi baguhaye.
- Ku mujananama w’abimukira, utegerezwa kuriha amafaranga agereranye ahuye na seruvisi zabo.
Ikigo kijejwe abimukira ca New Zealand gisaba gusa amafaranga y’idosiye ya viza. Urashobora kandi gukenera kuriha ikiguzi co kwegeranya ibimenyetso vya dosiye yawe, nko kuzuza ivyemezo vya muganga.
Gusezeranirwa gutunganirizwa ubwa mbere hamwe no kubonana n’abakozi bo mu gisata c’ abimukira.
Hamwe n’aya manyaga, umujanama wawe, umuhuza, umuhinga yigenga, canke uwundi muntu, bavuga ko bafise abo bashobora gucako kugira bakwizeze ko Ibiza kuvamwo biza kuba vyiza canke bihutishe ifatwa ry’icemezo.
Ntusabwa gukoresha umujanama. Igisata c’abimukira ca New Zealand:
- Ntikizoshira imbere idosiye yawe kubera wakoresheje umujanama, kandi
- Gifata ingingo hasuzumwe amakuru n’ivyemezo biri mu dosiye, hisunwe amategeko y’Igisata c’abimukira.
Baragusaba Kubesha
Binyuranije n’amategeko kubesha kugira uhabwe akazi canke viza.
Umujanama wawe canke urundi ruhande rubahuza baba bahonyoye mategeko iyo bagusavye gukora ivyo. Ni ikimenyetso ko bashobora no kurenga no mu yandi mategeko araba abasohoka n’abinjira hamwe n’akazi.
Ni ngombwa cane ko amakuru ari mw’idosiye yawe yose aba ukuri. Ukoresheje ububeshi bishobora kugira ingaruka mbi zo kutabona viza ubu no mu gihe kizokurikira.
Bakubwira ko udafise uburenganzira bw’akazi bungana nk’umwenegihugu wa New Zealand.
Ivyo si vyo na gato. Abakozi bose bo muri New Zealand bafise uburenganzira bumwe ku kazi, harimwo n’abimukira. Ibi harimwo uburenganzira bwo kuronswa ibiruhuko birihwa hamwe n’ibiruhuko vyo kwivuza hamwe n’uburenganzira bwo kuvuga ikikubakiye cerekeye umutekano muke mu kazi.
Abavuga ko utavyemerewe baba bahonyanze amategeko agenga abimukira hamwe n’amategeko y’akazi.
Uburenganzira bw’ifatiro bw’abakozi – Akazi muri New Zealand
Kumenyesha ikoreshwa nabi ry’ abakozi b’abimukira – Akazi muri New Zealand
Uhawe akazi gafatanije n’aho uba
Ntibimenyerewe cane kuronka akazi karimwo n’ aho kuba muri New Zealand.
Gusa mu bihe bimwe bimwe, nko mu bikorwa vy’uburimyi canke mu batanga uburaro, aho birashobora kumvikana.
Ba maso ku “buganuke” bukwemerera viza, akazi n’aho kuba- abatekamutwe bashobora kuguca amafaranga y’umurengera y ’aho kuba.
Wemerewe ko uzoca uba umwenegihugu
New Zealand iratanga amahirwe atangaje yo kwiga no gukora. Viza y’igihe gito izokwemerera kunezerezwa n’ ayo mahirwe ariko, nta cemeza kihari ko uzoca uba umwenegihugu.
Abatekamutwe akenshi bararenza urugero mukuvuga ukuntu kuronka ubwenegihugu vyoroshe, ubwo ba maso kuko inzira z’ukuronka ubwenegihugu zisaba ubumenyi runaka, ubunararibonye, ivyigwa canke imirimo runaka.
Ivyo basezeranya ku nyungu zo muri kazoza, ukugura inzu, canke kuronswa ubufasha bwa Leta
Utegerezwa gufata ingingo yo kwimukira aha ufatiye ku vyo wahawe, atari ku vyo wasezeranijwe muri kazoza bishobora no kudashitswa.
Mu rusangi, ntushobora kugura inzu canke ngo uhabwe ubufasha bw’amafaranga bwa Leta utararonka Viza iguha ubwenegihugu. Ntushobora gukora ubundi buzi buguha amafaranga y’inyongera.
Ubwiwe ko utegerezwa gukoresha umujanama
Si ngombwa ko ukoresha umujanama kugira usabe Viza. Ushobora kwisabira Viza wisunze amakuru ari ku rubuga rwacu.
Nimba uhisemwo gukoresha umujanama, hitamwo gusa umujanama yemewe mu Gisata c’abimukira , Umushingwamanza yemewe wo muri New Zealand, canke uwundi wese yemewe n amategeko mu gutanga impanuro ku bijanye n’abasohoka n abinjira. Ushobora guhitamwo umujanama yemewe mu Gisata c abasohoka n abinjira ugendeye ku rurimi rwawe, aho uherereye n’amafaranga ufise.
Guhabwa impanuro zo mu gisata c’abimukira
Nturiko uramenyeshwa aho dosiye igeze
Nimba umujanama wawe canke uwundi muhuza batariko barakumenyesha aho dosiye igeze, ushobora kuja ku rubuga rwacu ukamenya umwanya usabwa wo gukurikirana amadosiye.
Nimba ufise impungenge kubera ko utariko uraronka amakuru, urashobora kuduhamagara kugira ngo dusuzume dosiye yawe.
Igihe bifata kugira higwe dosiye
Ushobora guhura na imeyili canke urubuga ngurukanabumenyi ruteye amakenga rwiyitirira igisata c’abimukira ca New Zealand.
Turazi ko hari imeyili n’imbuga ngurukanabumenyi z’amanyanga ziyitirira zimwe muri seruvisi z’Igisata c’Abimukira ca New Zealand. Koresha imihora yacu yemewe kugira ugere kuri izo seruvisi mu ntumbero yo kwirinda ko mutohendwa mu kugana ku mbuga ngurukanabumenyi z’amanyanga.
Urashobora kwemeza mu gusuzuma neza aderesi y’urubuga ngurukanabumenyi kugira urabe neza ko harimwo ‘.immigration.govt.nz’.
Raba witonze kuko imbuga ngurukanabumenyi z’amanyanga zishobora gusa cane n’iyo ya nyakuri.
Imeyili zemewe zo mu Gisata c’abimukira ca New Zealand ziherezwa na ‘immigration.govt.nz’ canke ‘mbie.govt.nz’.
“Ifatire mu minwe umutekano wawe ku murongo” ni urubuga rwashinzwe na Reta ya New Zealand kugira rufashe abantu kwiga ibijanye n’umutekano wo kuri murandasi. Ruratanga kandi ubundi buyobozi bwerekana uburyo bwo gutahura amanyanga akorwa kuri murandasi.
Faswa aka kanya — Ifatire mu minwe umutekano wawe ku murongo
Usabwe kuriha amafaranga ya viza canke amafaranga yo kwa muganga kuri konti ya banki.
Ntituzokwigera dusaba ko uriha amafaranga ya viza mu kuyashira kuri konti ya banki. Twemera gusa uburyo bwo kuriha hakoreshejwe ikarata ya debiti canke crediti ku mpapuro zacu zo gusabirako ku murongo ziri kuri murandasi. Urashobora kandi kuriha viza yawe ku Kigo cemewe co gusabirako viza, igihe uba hanze ya New Zealand.
Ibiro vyo hanze ya New Zealand (Ibigo vyo gusabirako Viza)
Abaganga bonyene bemewe na Leta ya New Zealand hamwe n’abandi baganga banditse neza mu gihugu cawe ni bo bonyene bemererwa kwakira amafaranga y’ibipimo vy’ubuvuzi bijanye n'abimukira. Ntituzokwigera dusaba ko uriha amagerageza y’ubuvuzi. Ayo mafaranga yishurwa ku bitaro vy’abaganga bemewe canke vy’abandi baganga banditswe.
Abaganga bemerewe gukora ibipimo vy’iradiyo n’ibindi bipimo vyo kwa muganga
Uburyo bwo kwikingira amanyanga
- Si ngombwa ko ukoresha umujanama kugira usabe Viza. Ushobora kwisabira Viza wisunze amakuru ari ku rubuga rwacu.
Nimba uhisemwo gukoresha umujanama, hitemwo gusa umujanama yemewe mu gisata c’abimukira , umushingwamanza yemewe wo muri New Zealand, canke uwundi wese yemewe n’amategeko mu gutanga impanuro ku bijanye n’abimukira
Guhabwa impanuro zo mu gisata c’ abimukira
- Nimba uhisemwo gukoresha umujanama canke ishirahamwe rironderera abantu akazi, ni vyiza kugereranya ibiciro vy’ amashiramwe atandukanye kugira umenye ko wishuza igiciro gikwiye kuri seruvisi zabo.
- Raba neza ko uriko ukoresha seruvisi zemewe z’Igisata c’abimukira ca New Zealand. Ihweze neza aderesi y’urubuga ko irimwo “.immigration.govt.nz”, canke winjire muri seruvisi ukoresheje urubuga rwacu nyarwo.
- Emeza neza ko umukoresha wawe yemewe n’amategeko. Abakoresha bose bakoresha viza y’akazi k’abakoresha bemewe babanza kuba bemewe. Raba ko bakoresha uburyo bwacu bwo ku buhinga ngurukanabumenyi.
Urutonde rw’abakoresha bemewe.
- Gerageza kuvugana n’umukoresha ubwiwe, nko mu kiganiro . Kwimukira mu gihugu uja mu kindi ni icemezo gikomeye, kubw’ivyo vugisha ukuri ku bushobozi bwawe kugira hamenyekane ko ukwiriye akazi.
- Nimba ufise amakenga, tuvugishe. Turashobora kugufasha gusigura amahitamwo ya viza canke tukakubwira nimba amakuru wahawe n’umuntu ari ukuri canke ari ibinyoma. Dushobora kandi kuguha amakuru yerekeye dosiye yawe. Nimba icongereza atari ururimi rwawe rwa mbere, turashobora kukuhuza n’uwugusigurira.
Uburyo butandukanye bwa Viza zo muri New Zealand
- Niba bishoboka, kora ubushakashatsi ubaze abantu bo mu gihugu cawe bamaze gushika muri New Zealand.
- Nimba umukoresha wawe atanga uburaro, saba amafoto, hanyuma urabe ku rubuga rwa Seruvisi z’ugupangisha ugereranye ibiciro vy’ugupanga bw’amazu nk’ayo muri ako karere, kandi wige uburenganzira bwawe nk’umupangayi.
Gereranya ibiciro vyo gupanga – Seruvisi z’ugupangisha
Amakuru yahinduriwe ururimi - Seruvisi z’ugupangisha
- Menya neza ibintu bijanye na New Zealand harimwo ibiciro vy’ivyankenerwa n’ukuronka ubuvuzi. Urubuga rwacu rwa Ba kandi ukore muri New Zealand ruratanga amakuru ya nkenerwa.
Ba kandi ukore muri New Zealand
- Menya ibijanye n’uburenganzira bwawe nk’umukozi wo muri New Zealand. Urubuga rw’akazi rwa New Zealand rurafise amakuru menshi mu ndimi zitandukanye, n’icigwa co ku buntu kijanye n’uburenganzira bw’ifatiro, amabanga, n’ukuntu umuntu atorera ingorane ku kazi.
Uburenganzira n’amabanga y’umukozi – Akazi muri New Zealand
- Abatekamutwe rimwe na rimwe batanga viza zitari zo. Nimba umu ajenti canke umujanama wawe akubwiye ko waronse viza ya New Zealand, urashobora kuyisuzuma ukoresheje Seruvisi y’igenzura rya Viza.
- Menyesha amanyanga ku nzego z’igihugu cawe, nko ku giporisi. Nimba uri muri New Zealand, urashobora kumenyesha amanyanga yo kuri murandasi biciye ku rubuga Ifatire mu minwe umutekano wawe ku murongo.
Fashwa aka kanya— Ifatire mu minwe umutekano wawe ku murongo
Ibikoresho vy’amashirahamwe akorana n’abimukira
Nimba ukorana n’abantu bipfuza kwiga, gukora canke kuba muri New Zealand, koresha imbuga hwaniro zacu kugira ubafashe gutahura amanyanga abera mu gisata c’abimukira.
Ivyo bikoresho biboneka mu Congereza n’izindi ndimi.
Ukwirinda amanyanga yo mugisata c’abimukira Ibikoresho vy’imbuga hwaniro